article comment count is: 4

Igisagara ca Rumonge coba kibuze iki kugira gitere imbere ?

Igisagara ca Rumonge cahoze kiza ubwa gatatu mu bisagara vy’Uburundi, ariko ubu kigeze mu kibanza ca kane. Kigenda gisubira inyuma. Yamara, « nimba hari igisagara cari coroshe guteza imbere, ni Rumonge », Ndayisenga Pascal arerekana ingene vyogenda.  

Guhera muri zone Gitaza y’ikomine ya Muhuta kugeza muri zone ya Kigwena y’ikomine ya Rumonge, ibarabara ry’igihugu inomero zitatu ryuzuyemwo ibinogo vyinshi cane. Urugendo imiduga yahora igenda nk’iminota cumi, ubu rutwara iminota hafi mirongo itatu, biturutse ku bubi bw’ibarabara.

Umaze gushika muri ico gisagara rero, wakirwa n’abantu benshi bari mu mirimo itandukanye, abenshi ukababona batembereza canke bariko barotsa amafi, kuko na none ico gisagara cubatswe ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika. Uzindutse mu gaturuturu, ugatereza amaso ku kiyaga, ubona amato aherekeranye, apakiye ifi.

Yamara ikitari bugucike, utangazwa n’ingene ico gisagara kitayagayaga nk’uko tumenyereye ibindi bisa. Nk’akarorero, ndetse ko mu gisagara kizima haboneka za nzu zigerekeranye bita amagorofa zibiri gusa, izubatswe mu buryo bwa kera, zigizwe n’ivyondo, ibiti hamwe n’ivyatsi, ziracibonekeza. Ivyo rero bigasiga ubwenge.

Nta kabura imvo

Kitaracibwa imbere n’igisagara ca ngozi, Rumonge cahoze ari ica gatatu mu bisagara bigize Uburundi, inyuma ya Gitega n’umugwa mukuru ; Bujumbura.

Ba sokuru ni bo bayamaze bati : « nta kabura imvo ». Hari impamvu zatumye ico gisagara ca Rumonge, aho gutera kija imbere nk’ibindi, ahubwo kiruhira gusubira inyuma. Kubwa Ndahabonayo Désiré, umwe muri bene za gorofa zibiri ziri muri ico gisagara, « abantu bararonka amafaranga menshi aho mu Rumonge, cane cane mu myaka iheze. Ariko, benshi bagashima guca baja kwubaka mu bindi bisagara, abandi nabo bakaja kuronderera mu bindi bihugu bibanyi nka Tanzaniya na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo. »

Uko rero ni ko ico gisagara, aho gutera imbere, cagumye gisubira inyuma, canke kikaguma hahandi.

Yamara ntibigoye kugiteza imbere

Igiterwa c’ikigazi, imicungwe (iyo bita « mandarine » mu kinofunofu), ni bimwe mu butunzi kama buboneka cane mw’ico gisagara.

Ku rundi ruhande, intara ya Rumonge ni imwe mu ziri ku rubibe rw’Uburundi, ikaba iri ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika, kandi ikaba ifise n’ikivuko cakira amato avuye mu bihugu vyinshi nka Tanzaniya, Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, Malawi, Zambiya n’ahandi.

Ubwo butunzi bwose, hamwe bwokoreshwa neza, nta nkeka ko ico gisagara cofata umuvuduko udasanzwe w’iterambere, noneho kikagera na kure, mbere kikanaba inkomoko y’amajambere ku ntara zihegereye.

 


Soma kandiBururi na Rumonge: imanza zisesaguza

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (4)

  1. Ego ivyo mwavuze aho hejuru niko bimeze. ariko nkaca nibaza nti aha twoja hamwe nti twoja inama tukaraba ingene twoteza imbere intara yacu tugatera tuja imbere hakuja inyuma. abantu turakwiye kubona ko ubutunzi bwambere ari igihugu cacu tukareka kuja guteza imbere ibindi bihugu ariko icacu gikenye. harakwiye politike nziza yuguteza imbere aho tuvuka hama igihugu kigasa neza murakoZe.

  2. Eg nivy rumonge yarasubiy inyum ham kub ngozi yararengany rumonge umbwamber ngozi yar ifis abategetsi bensh bar muntwar bashobor gushik imber bakayivugir nkak ahant har umukur w’igihug! rumonge nay kugezub nta mushikirangaj cnk abant bo muntwar yo hejur ifis boyivugir ahubw nukuyikez ah igez ub

  3. mahoro bantu bo muri.rumonge.
    muvyukuri rumonge irateyisoni kukuntu idaterimbere kandi hariho ivyotuma iterimbere. jewe uko nibaza tuzohava dusanga beshi muba nya rumonge atangabire yiterambera bafise! nayokuvugango ntabategetsi barahaboneka sivyo, hamaze kubonekabashikiranganji beshi cane nabanshingamateka nabandi bahatwara ariho bavuka ariko igihamana kibi nuko mwabo bose bamazekuboneka ivyiterambere ntanumwe abisimwingabire naho yobayaravyize ntiyaringabire yiwe murico gihe niyo wize ibitaringabire yawe keshi urabigoranwa. ahubwo nimwitahura ingabire mufise musanze ivyiterambere bitarimwo muzorondere.ababishoboye nahobobarabanyahanga babidukorere.tubahembe gutyo rumonge.ibone guterimbere. mumbabarire abavyakiranabi.